
SBS Kirundi - SBS mu Kirundi
SBS Kirundi itanga amakuru yigenga n'inkuru ziva muri Australie no ku isi yose. Ihuza abavuga Ikirundi baba muri Australie n'ubuzima bwo muri iki gihugu. Ikoresha kandi inkuru z'umuryango, umuco, na societe kugira ngo abantu bumve bahuza n'iwabo. Abumva baronka amakuru yizewe kandi yoroshye kumva ku buzima muri Australie n'isi yose.
Episodes

Kuki ubutegetsi butandukanye, kandi ni gute bugukingira? | Ingene Australiya ikora
Inyuma yo gucibwa ihadabu kubera ko atari yambaye neza igikingira umutwe ari ku moto yiwe, Hugo yafashe ingingo yo gushikiriza ico kibazo sentare. Inkuru yiwe iradufasha gutahura ingene Inama Nshingamateka, Reta nama sentare bifise amabanga atandukanye, hamwe n’ingene zimwe mu ngingo canke ingingo zifatwa n’abategetsi zishobora gusubirwamwo.How Australia Works ni urukurikirane rw'ikiganiro ca SBS

Ninde vyukuri atwara Australiya, woba ufise ikibanza icahe | Ingene Australiya ikora
Woba uzi uwoshobora kugufasha igihe ukeneye uruhusha rwo gutangura kwikorera utwawe, ufise ikibazo kijanye nokuriha inzu ubamwo canke ukeneye imfashanyo yo gufasha umuryango wawe? Biciye mu ntahe za Fedele, Carol na Abeer, tahura ingene inzego zitatu z’ubutegetsi bwa Australiya zikora. Menya ico ubutegetsi bw’akarere (local government), ubwa reta (state ari nayo territory government), n’ubw’igihug

Waramaze kuba uwaha | Ingene Australiya ikora
Inzego za reta za Australiya, amategeko n’ibikorwa vya reta vyoba bigira gute ingaruka mubuzima bwawe bwa minsi yose? Biciye mu ntahe, iki gice gitangura curukurikirane rwibiganiro vyabaye kirakwereka aho wokura amakuru n’imfashanyo igihe ubikeneye, hamwe n’ingene wobaza ivyerekeye ingingo yafashwe.How Australia Works ni urukwirikane rwikiganiro ca SBS gikoresha intahe n’insiguro zoroshe kugira ig

Woba utinya urushinge? Ubushakashatsi bushobora kurangiza ibipimo bikorwa harinze kuvomwa amaraso
Patrick Rufangura ariko ararangiza ivyirwa vyiwe vya PhD kuri kaminuza imwe muri Sydney, yakoze ubushakashatsi bushobora guhindura amateka y'isi mw'isuzumwa ry'indwara harinze gufatwa amaraso. Ng'uku uko yabisiguye.

Orphan Relative Visa: Ni nde yoyisaba?
Iyo visa ihabwa impfumvyi izwi nka Orphan Relative visa (subclass 117) n'imwe muri visa abimukira bashaka kuba muri Australia bosaba. Ariko ikibazo ni, Ni nde yemerewe kuyisaba? Asabwa iki?

Uko utegura umusi niko wabwirizwa gutegura ijoro, wobigenza gute?
Mu gihe ingingo zo kurwanya COVID-19 zakuweho, bamwe batekewe n'ubwoba bwo gusubira mu buzima busanzwe. Menya bimwe ukwiye kwirinda kugira ngo udahava usanga wuzuranye ifaranga, ukabura abawe.

A.T.M JEFF yahishuye ibanga ryamufashije igihe yagira isanganya ryahatswe kuzimanganya ubuzima bwiwe
Inyuma y'umwana urenga umuririmvyi A.T.M JEFF adakora cane, uwo muririmvyi arahishura ingene umuziki wamufashije mu gihe yari yataye ivyizigiro vyo kuririmba inyuma y'isanganya ryahatswe kuzimanganya ubuzima bwiwe.

Igisata c'ubuvuzi cigenga kirageramiwe muri Australia
Abakiri bato mubanye Australia babandanya bisokora murico gisata ku rugero ruteye amakenga. Ivyo bikaba vyatumye ababijejwe eka n'amashirahamwe yandi guhamagarira reta ngo ikore ibishoboka ico gisata gihurumbirwe.

Amategeko y'ibarabara atazwi kandi umuntu wese muri Australia akwiye kumenya
Wari uzi yuko wotozwa ihadabu muri Tasmania kubera gukoresha GPS kuri terefone yawe uri mu ngendeshwa. Turabashikiriza amategeko y'ibarabara atazi ariko yogufasha kwirinda kwica amategeko mu ma barabara yo muri Australia.

Woba uzi ingaruka amabere bateragira mu bakenyezi atera? Ng'ibi ivyo Australia igiye gukora
Muri Australia havugwa yuko hashobora guhagarikwa ubwoko bugera umunani bw'amabere batera mu bakenyezi, kuko ayo mabere ashobora kuba intandaro y'indwara ya cancer ifatira mu maraso, ariko gushika ubu ivyo bikaba bikiriko biratohozwa.. Ikigo Therapeutic Goods Administration (TGA) cavuze yuko kibaye gihagaritse igurishwa ryayo mabere mu kiringo c'amezi atandatu.

Umuvyeyi yokora iki umwana wiwe anyuzuye canke bamunyuzuye
Umwana umwe kuri bane mu baba muri Australia baranyuzurwa ku mashuri aho biga. Nk'umuvyeyi birashobora ku kugora mu kumenya ico wofata mu gihe umwana wawe anyuzuwe canke mu gihe anyuzura abandi. Uko biri kwose ni vyiza kugenda kurondera ubufasha kubahinga bakakugira inama.

Ng'ibi ivyo kominote zitegekanya gukora inyuma ya guma mu rugo
Inyuma y'amezi arenga ane, kominote zo muri NSW na Victoria zashize imbere izo zizobanza gukora ubwa mbere zihuye inyuma y'amezi atari make kubera ingingo zo kurwanya ikiza. Menya bimwe muvyo bashize imbere kurusha ibindi.

"Impungenge nari mfise k'umuryango ny'Afrika muri Australia ziriko ziragabanuka", Dr. Emmanuel Ndayisaba
Ingaruka mbi ikiza COVID-19 gisiga mu mubiri w'umuntu zirutwa n'ivyiza uruncanco rumuha. Benshi muba ny'Afrika batanguye kurinduka mu kwikingiza, aho mu misi iheze ngo wasanga no kubiyaga hagati yabo atari ku bwinshi. Kurikirana Muganga Ndayisaba uko yasiguye.

Ng'ibi bimwe mu bimenyetso vy'indwara y'umutima
Woba uzi amagara y'umutima wawe? Ni vyiza ko umenya inyishu yavyo kuko indwara y'umutima ihitana benshi muri Australia. Ivyigwa vyo mu 2017 vyerekana yuko umwe mubanye Australia batatu ntibazi ibimenyetso vyibanze.

Menya ivyo bagiye gukora inyuma y'imyaka ibiri badasohoka
Inyuma y'imisi irenga ijana- imiryango yaratandukanijwe n'ababo, abikorera utwabo barugara, abarenga 350 barapfa, ariko ibintu vyasubiye mu buryo kuri bamwe, none bamwe n'abandi bafise ivyihuta kurusha ibindi bagiye gukora. Ng'ibi.

Kumenya ibimenyetso vy’indwara yo mu mutwe mbere
Abantu bafise indwara zo mu mutwe akenshi bisanga bagize ubumuga bwo k’umubiri. Zirengangijwe, indwara zo mu mutwe zirashobora guteza ibindi bibazo bikomeye cane. Ariko habonetse ubufasha ku gihe, umuntu arashobora gukira akaba mu zima kandi agakomera cane.

SBS yatanguje isubirwamo rya serivisi y'indimi ikoresha
SBS yatanguje igikorwa gisubiramo serivsi z’indimi ikoreshwa mu gihe ico kinyamakuru citegurira guhimbaza imyaka 50. Ivyo vyigwa bizokoresha ivyavuye muri rusansuma kugira ngo bifashe itunganywa z’indimi zizokoreshwa mu myaka itanu iza.

Gutwarwa n'ikoreshwa ry'imbuga hwaniro wobihindura bikaguha umwimbu mwiza mu buzima bwawe
Imbuga hwaniro (Social media) zahinduye ubuzima bwa benshi kuba bwiza, ariko kandi zihungabanya mbere zinamugaza benshi burundu. Ariko wari uzi yuko woshobora guhindura ikoreshwa ryazo bigahindura umwimbu w'ubuzima bwawe? Umviriza uko vyogenda.

Insiguro ya 'Bridging' viza muri Australia
Muri Ntwarante 2021, ibitigiri vy'abafise 'Bridging' viza muri Australia vyariyongeye ku rugero rutaribwabeho. None 'Bridging viza ni izahe, zoba zizanana n'ubuhe bwigenge?

Ivyo banki idashaka yuko umenya, ingaruka zo gusaba ingurane ngo urihe ingurane
Hariho ivyiza n'imfashanyo uronka ivuye muri reta/ intara uherereyemo iyo uguze inzu ubwa mbere. Ariko iyo umaze kugura inzu ukayiriha imyaka mike, ngo har'ivyo kwitonderwa mu gihe wokwipfuza gusaba ingurane ngo urihe ideni, vyasiguwe na Dogiteri NDAYISABA Gilbert, umwigisha w'ivy'ubutunzi muri kaminuza muri Melbourne.

"Ingaruka za COVID-19 ni ntibagiranwa co kimwe n'imvune zo mu mitima"
Umurwi w'abantu wavuganye na SBS Kirundi washikirije ingaruka COVID-19 yabagizeko co kimwe no mu miryango. Bamwe babuze ababo, abandi nabo bibabera vyiza mu kuronka akanya ko gupfundika imigambi ya kazoza, mu gihe abandi bo mu miryango yabo bamugaye.

Australia: Umurundi w'imyaka 24 azimirijwe indoto z'umuziki wiwe hataragera
Yanse ivyigwa bisanzwe ahitamo gukora umuziki, Indirimbo ziwe zari zimaze kurabwa n'ama miriyoni y'abantu, Mu gihe umuvyeyi wiwe Beltrand Habiyakare yari yahisemo kumushigikira muri viyo bikorwa vyiwe, ariko Christopher Habiyakare yagiye ibukama asiga abo bavukana mu marira menshi,.

Ingurane ihindagurika canke iyidahinduka: Guhitamo ingurane nziza yo kugura inzu
Ingurane ihindagurika itanga amahirwe menshi aho ushobora no gukuramo amahera, mu gihe ingurane idahindagurika ituma uriha y’amafaranga nyene mu kiringo mwemeranije. Mu gihe uhise kuvavanura niyo nyungu idahinduka, ihadabu ishobora kuba nini cane.

" Gukatira umunyororo w'imyaka 25 papa wanje n'ugushaka kumucecekesha," niko Kanimba yavuze
Umuryango wa Paul Rusesabagina ntiwatangajwe n'ingingo yashikirijwe na sentare nkuru y'Urwanda kuri Rusesabagina. Hirya y'ingumvu Ububirigi na reta zunze ubumwe z'Amerika ziriko zirakora, uwo muryango usaba ikipe ya Arsenal na PSG guhagarika amasezerano bifitaniye n'Urwanda.

Iyongerezwa ry’ikiringo ku mfashanyo zitangwa na centrelink
Hamwe n’impinduka mu bijanye n’imfashanyo reta iha abantu, zitegekanijwe gushirwa mu ngiro kuva itariki 1 Nzero 2022, abahawe uburenganzira bwo kuba ngaha bazorindira imyaka ine imbere yuko baronswa imfanshanyo na reta.

Umurundi yakundwa cane mu kibano yaburiwe irengero, atorwa ari ikiziga
Eimable Manirakiza, w'imyaka 24, umuhinyanyuzi w'umuziki, yakunda no gusenga cane yaburiwe irengero kuva muri Ruheshi. Ivyo vyabaye imbarutso, ikibano cose kija mu vyambu hamwe n'inzego zibijejwe, ariko vyose bidadanuka inyuma y'amezi abiri atowe mu ruzi.

COVID-19: Umurundikazi w'abana batandatu yaraye arusimvye hamwe n'abana bane mur'abo
Mu gihe umugabo yugariweko imbibe mu Burundi kubera COVID-19, Aline Butoyi hamwe n'abana bane bose banduye umugera wa coronavirus barasinzikara cane> mu nzu nyene barimo harimo abandi bahungu biwe bo batigeze bandura. Bishoboka gute?

Ni gute wogumana amagara meza mu bihe ingingo zo kurwanya COVID-19 zigifatwa.
Mu gihe guma muri Melbourne na Sydney zongerejwe, kwinonora hamwe n'ibibanza biberamo ntibiremererwa kwugurura. Ukudahura n'abantu hamwe no kwugaranwa ntibisigura gusa ukudahura n'abandi ariko n'ibangamirwa ry'amagara y'abantu mu mitwe.

Ikirere c'akanyamuneza nyuma yo gukuraho guma mu rugo.
Abantu bishimiye ingingo ya reta yo gusubizaho ubuzima busanzwe muri Mildura (VIctoria), ariko igiporizi kikaba congereje kugira gicungere uwinjira mur'ico gisagara avuye ahandi.

Menya ibimenyetso vy'indwara zo mu mutwe
Abantu bafise indwara zo mu mutwe akenshi bisanga bagize ubumuga bwo k’umubiri. Zirengangijwe, indwara zo mu mutwe zirashobora guteza ibindi bibazo bikomeye cane. Ariko habonetse ubufasha ku gihe, umuntu arashobora gukira akaba mu zima kandi agakomera cane.

Ni gute guma mu rugo ishobora ku kwibutsa kahise k'intambara wabayemo?
Guma mu rugo ihuriye he n'ibihe wabayemo muri kahise? Delphine Yandamutso arahishura ingaruka zibonekeza iyo umuntu aguma agufatira ingingo na cane cane muri bino bihe vya guma mu rugo.

"Nabonye mwene wacu arwaye COVID-19 ntaco nemerewe kumufasha kandi tubana mu nzu imwe,"
Inyuma yo kumenyeshwa yuko mutoya wiwe yanduye coronavirus, Kaneza Sandrine yababajwe no kubona mwene wabo aremvye, akorora, afise umuriro,...ariko atemerewe kumwegera. Ngo abavyeyi bashobora kuba bo batanduke kandi babana kubera bamaze kwikingiza urucanco rwa COVID-19.

"Ndi mu bantu batemera ivy'urucanco ariko nababajwe cane maze kumenya ko nanduye COVID-19," Mugisha arahishura ivyamubayeko
Amaze kumenya ko yanduye yafashe intambwe zo kwirinda nkuko yabigiriwe inama n'inzego zijejwe gukurikirana amagara y'abantu, none ngo mu misi itatu gusa azoba yakize kandi yasubiye mu bikorwa vyiwe. Mu kiyago twagiranye yashoboye no kugira inama abatemera ivy'urukingo rwa COVID-19.

Ngizi impamvu zogutera kwicandagisha COVID-19, Dr Emanuel NDAYISABA arabiduhishurira
Benshi bafise ubwoba bwo kwicandagisha ikiza coronavirus ariko Dr Ndayisaba Emanuel arahishura impamvu zikomeye umuntu akwiye guha agaciro akicandagisha ico kiza. Yasiguye ubumuga ico kiza gisiga mu muntu mu gihe aticandagigishije hama akagirirwa amahirwe agakira.

Imfanshanyo kubafise viza y'agateganyo n'abarondera ubuhungiro.
Imfanshanyo itangwa na reta biciye mu mashirahamwe iraboneka kubafise viza z'agateganyo co kimwe n'abasaba ubuhungiro bariko baraca mu bihe bikomeye. Amashirahamwe yababa 200 niyo ariko aratanga ubwo bufasha hamwe n'ibifungurwa ku bantu babikeneye mur'ibi bihe vy'ikiza COVID-19.

Gusigura ivy'amarerero y'abana bakiri bato muri Australia
Ukaba wiga canke ukora kandi ufise umwana akiri muto muhira, urashobora guhabwa imfanshanyo muvyo gushira umwana wawe mwirerero muri Australia. Ukaba ukwije ibisabwa ubufasha uronswa na reta buzovana n'umushahara wawe.

Abanyarwanda guhimbaza umuco n'akaranga mu gihe Australia yugarijwe na coronavirus
Umuco n'akaranga nivyo biranga abene gihugu kanaka. Muri Queensland, abanyrwanda bariteguye guhimbaza imico n'akaranga hirya y'ikiza COVID-19 kigisibije.

Melbourne imaze imisi 200 muri guma mu rugo, mu gihe NSW yakomeje ingingo zo kurwanya COVID-19
Abantu barasaba ko hobaho gushira amanga abantu bakicandagisha ngo ikiza coronavirus kibashe guhera vuba abantu basubire mu buzima busanzwe. Ng'uku uko vyashikirijwe nabo twavuganye.

Ingaruka Covid-19 igira ku bavyeyi bategerezwa gufasha abana mu rugo
Abavyeyi bategerezwa gufasha abana bariko barigira mu rugo ngo nabo COVID-19 yabateye kwumva bacitse intege no mu bikorwa vyabo bari basanzwe bakora umusi kuwundi. Umviriza uko bagiye kubitorera umuti.

Ivyihishije inyuma ya Gura Ubu Urihe nyuma "Buy Now Pay Later"
"Buy Now Pay Later" iriko irahurumbirwa cane n'abantu muri Australia aho abashika imiriyaridi zirenga 5.6 z'abantu bayikoresha nkuko vyibonekeza mu vyegeranyo vya 2018-19. Ariko hamwe n'ivyo hariho ivyinyegeje kubantu bakoresha izo serivisi nyinshi bituma bagoka muvy'amafaranga.

Australia: Ingaruka zo kureka viza yawe igahera, menya ico wokora?
Mu gihe umuntu agumye muri Australia inyuma yaho viza yiwe itakarije igihe mur'ico gihe baca bahaba inyuma y'amategeko, mbere bakaba bonatahukanwa mu gihugu bazananyemo. Hoho waruziko vyoviramo ingingo y'imyaka itatu udahabwa viza yo muri Australia?

Ingaruka zo gukorera mu rugo kubera COVID-19
Ibikorwa vya benshi vyaragizweko ingaruka kubera ikiza coronavirus. Abakorera mu rugo co kimwe n'abatakaje ubuzi. Ariko ngo "ntamvura idahita"

"Kudata intumbero no kwihanga bizogushikana ahushaka"
Benshi bagera muri kino gihugu bafise indoto, ariko ugasanga barateshutse. Ariko ngo mu gihe uhisemo kutavirira ico wiyemeje, ntacotuma udashikira indoto zawe. Dr Rutagengwa kuri SBS Kirundi

NAIDOC: Ibibanza kama ngirakamaro biri hafi yawe
Iyi inkuru isesengura ibijanye n'ibibanza ngira kamaro vy'abasangwabutaka bifise akamaro biri hafi yawe kandi ukwiye kwiga no kwubahiriza.

Uburundi bwatsinze DR Congo mu rukino rwa kivandimwe aho ibihugu vyose vyahimbaza intahe yo kwikukira
Mu gihe izindi ntara ziri muri guma rugo, intara ya South Australia yashoboye guhimbaza imyaka 59 Uburundi bwikukira mu gutunganya inkino hamwe n'ibirori vyitabiriwe n'abantu batari bake hirya ya COVID-19

Uburundi bwaronse gute intahe yo kwikukira haheze imyaka 59?
Mu gihe Uburundi buhimbaza imyaka 59 bwikukiye, bamwe mu ndongozi z'imigamwe ntibemeranya ku gihe Uburundi bukwiye kwikukira, mbere bihitana n'ubuzima bwariko araharanira uko kwidegemvya kw'Uburundi.

Akamaro ko gutegura icete gisigura ivy'ubutunzi bwawe mu gihe utakiriho, na cane cane kubimukira
Abanye Australia batari bake ntibaha agaciro urwete rujanye no gutatura ivyoshika inyuma yo kwitaba Imana bibaza yuko badafise ubutunzi bukenewe canke bukwiye. Ariko abahinga bahanura yuko ukwiye gutangura kuvyiyumvira mu gihe wakuze. Ushobora kuronka ubufasha mu vy'amategeko ariko har'ivyo ukwiye kwitararika cane cane.

Abanyamulenge mu myigaragamvyo ku murwa mukuru wa Australia i Canberra
Mu myigaragamvyo isaba guhagarika ubwicanyi bubera i Minembwe, Abanyamulenge basaba inzego za Australia co kimwe no mu karere kibiyaga binini gutabara amazi atararenga inkombe.

N'iyihe mpamvu abantu batumva kumwe ibijanye no kwicandagisha COVID-19?
COVID-19 ntiyakiriwe kumwe kuva ikicitwa ikiza. Ubwo inanco zatanguye gutangwa, abantu ntibavyumva kumwe. Bamwe bati tuzokwiteza icanco , abandi bati shwiii. None ni kubera iki?

"Icambabaje kurusha ibindi vyose n'ukwitwa impunzi"
Kuba impunzi vyatanguye kera kandi abantu bitwa impunzi mu buryo butandukanye. Indwi yahariwe impunzi itangura 6 Ruheshi buri mwaka. Uyu mwaka icivugo ni 'ubumwe'. Ubwo bumwe bushoboka gute ? Slyvia Niyonsaba yabaye impuzi kuva mu 1972 aratwiganira.

Australia: Agashimwe Queensland Day Award ko mur'uno mwaka kahawe umurundikazi
Umushingamateka akaba n'umunyabigega w'intara ya Queensland muri Australia yashikirije umurundikazi Therese Miburo agashimwe gahabwa umunyagihugu yafashije cane kurusha abandi mu kibano.

Australia: Umunyarwanda yareze Urwanda muri ONU arwagiriza bakuru biwe baburiwe irengero
Jennifer Robinson yafashije Julian Assange niwe agiye kuzofasha Noel Zihabamwe mu birego yatanze mu muryango mpunzamakungu ONU, aho yareze Urwanda. Ubuserukizi bw'Urwanda muri Singapore ntaco bwashimye gushikiriza kur'ivyo birego.

Abayahudi n'abanyafurika ngo basangiye kahise kabishe, iyo miryango ikaba igiye gushinga imigenderanire
Abanyafurika hamwe n'Abayahudi n'imwe mu miryango yagize kahise karanzwe n'ubwicanyi hamwe n'ivangura rifatiye ku rukoba. Iryo sano rikaba ryabaye imbarutso yo gushiraho imishikirano hagati yiyo miryango ibiri.

Africanova ati "indirimbo intwari niyo gukundisha abantu igihugu siya poritike"
Africanova umwe mu baririmvyi ba kera mu Burundi yakoresheje indirimbo mu gushimira abitanze kugira Uburundi bube bumemze uko buri. Vuba ngo agiye gushira ahabona zimwe mu zindi ndirimbo nshasha n'izakera.

Mbega n'igiki kiba mu gihe viza yawe itaye igihe kandi ukaguma muri Australia?
Mu gihe umuntu agumye muri Australia no mu gihe visa yiwe yataye igihe, aba ahabaye biciye inyuma y'amategeko kandi arashobora gusubizwa inyuma agakurwa muri Australia, ivyo bishobora kuba imbarutso yo ku kwima viza mu kiringo c'imyaka itatu.

Dukingire ibidukikije navyo bizodukingira
Mu gihe isi giye guhimbaza umusi wahariwe ibidukikije, umwe wese aterwakamo ko kwitwararika ibidukikije gutyo tubashe kubikingira ngo umwe wese azosige umurage mwiza.

Prince Louis Rwagasore n'amarira menshi ati "abo bazungu nzobirukana basubire iwabo"
Umwami Mwambutsa IV akaba ari we se w'umuganwa Rudoviko Rwagasore ntiyigeze yipfuza yuko arendegera mu buzima. Ariko Rwagasore akiri mu mashuri y'intango yafashwe nabi, ategekwa kwoza imisarani abikorana n'amarira menshi. Africa Nova aradusigurira

Ni iyihe mpamvu yotuma wimukira hagati mu gihugu ukava mu gisagara?
Benshi bafise impamvu zitandukanye zibatera kwimukira hagati mu gihugu. Abimukira hagati mu gihugu ntibasangiye impamvu. Ng'izi imamvu zimwe zimwe womenya.

Ni gute wogira uruhara mu ndwi yahariwe ukurekuriranira?
Indwi yahariwe guhariranira ni gihe abanye Australia bakwiye kwemanga kahise hamwe n'imico n'akaranga bityo bakubaka imishikirano myiza hagati y'abasangwabutaka bazwi nka Aboriginal n'aba Torres Strait Islander.

Kwiga ntibihera mu gihe umuntu akiri muzima
Ngo kwirekura ukavuga akari imurore akenshi birafasha mu gihe uwiyemeje kugufasha umwugurukiye akamubwira ukuri. Ngo ariko akenshi abantu benshi usanga bavuga canke batanga amakuru atariyo. Ivyo navyo biragira ingaruka zidasanzwe.

Kwibuka ubwicanyi bwabereye ikibeho mu Rwanda ku ncuro ya 26
Federation of Rwandan Communities in Australia yateguye ibirori vyogushimira ingabo z'abasirikare barenga 650 bagiye mu Rwanda gufasha inyuma ya jenoside yabaye mu mwaka 1994. Menya ico abo banyarwanda basaba co kimwe n'ubutumwa bafise.

Amwe mu mategeko atazwi cane umuntu wese muri Australia akwiye kumenya
Birasanzwe kubona uruja nuruza rw’abantu bariko baragendesha indidiri zikoresha amabateri mu bisagara bitandukanye muri Australia. Ariko benshi ntibazi yuko izo ndidiri hariho ibisagara bimwe bimwe zitemerewe gukoreshwamo.

Vyifashe gute kubaho udafise viza muri Ausytralia
Kubaho udafise viza muri Australia biguha canke bikwima ubuhe burenganzira. N'ibiki wemerewe gukora canke kudakora mu gihe uba utararonka iyo viza?

Ingaruka zo kureka viza yawe igata igihe muri Ausralia
Mbe hategekanijwe iki k’umuntu viza yiwe itaye igihe muri Australia? N’igiki ukwiye gukora mu gihe wisanze viza yawe yataye igihe?

"Mbangikanya umwuga wo gufata amasanamu hamwe n'urugo"
Abantu benshi basigaye baratahuye gukora ibintu ubibangikanije yaba mu kazi canke mu rugo. gufata amasanamu n'igikorwa gisaba kwitonda, kuko vyoroshe guhusha ntusubirize ayo masanamu. Umwe mu bakenyezi bakora umwuga wo gufata amasanamu yavuganye na SBS kirundi.

Umwigisha, umupfasoni, umukinyi wa komedi: vyose abironkera umwanya gute?
Umukenyezi ngo akwiye gushemagizwa ibihe vyose atari kurindira rimwe mu mwaka. Australia igiye guhimbaza uyo musi, mu gihe uwujejwe intara ya NSW ashikirije amategeko mashasha kubera COVID-19.

"Akabura ntikaboneke ni nyina w'umuntu"
Mu gihe Australia buca ihimbaza umusi wahariwe umuvyeyi, ngo izina "mukase" rikwiye gukurwaho. Ivyo biri mu kiganiro Therese Miburo yashikirije, aho yanashikirije icese gihayagiza umuvyeyi.

Ivyo ukwiye kumenya mu gihe ushaka kugura imodoka
Woba umaze kugura imodoka hama ugasanga ifise vyinshi ukwiye gukoresha? Ivyo birasanzwe mu gihe woba udafise ubumenyi bukwiye muvy'amamodoka. Ariko urashobora gukora ubushakashatsi ku giti cawe kugira ugure immodoka ijanye n'amafaranga ufise kandi ikomeye.

Kumenyesha amabi akorerwa mu ngo ni bimwe mubizana inyishu
Gutahura amabi akorerwa mu ngo no kumenya icokorwa ni kimwe muvyofasha kugabanya amabi akorwa mu ngo. Umviriza uko bamwe mu bitabiriye ishirwa ahabona ry'ubushakashatsi bwakozwe n'ibigo bibiri.

"Natakaje imyaka ibiri kubera gufungwa"
Inyuma y'igifungo c'imyaka ibiri muri gereza " Bukeyeneza" arahishura amabanga yo muri gereza mu bigo vyo muri Australia.

" Twibutse hamwe n'abandi bose bahitanywe na jenoside yakorewe abatutsi mu 1994"
Urwanda rwibuka abahitanywe na jenoside yakorewe abatutsi uko umwaka urangiye. Mu birori vyo kwibuka vyabereye muri Queensland-Australia, bo bashoboye kwibuka abantu bose bahitanywe n'iyo jenoside atari abatutsi gusa. Kurikirana uko babishikirije,...

"Ubuzima bwanje muri gereza za Australia busa gute"
Abaje muri Australia siko bose baronka amahirwe yo gushikira mu buzima busanzwe nk'abandi bose. Kurikirana "Bukeyeneza" (iryo si izina ryiwe ry'ukuri) yinjiye muri Australia akisanga mu gasho ikiringo c'imyaka 2.

Australia: Ukutumvikana kuri jenocide yabaye mu Rwanda mu 1994
Kominote y'abanyarwanda mu ntara ya Queensland izokwibuka abahitanywe na jenoside yakorewe abatutsi ngo ariko s'abo gusa hariho n'abandi bazokwibukwa. None ngo ni bande?

Mbega Abanyarwanda biyumva gute iyo bibuka ivyabaye mu 1994
Bamwe mu Banyarwanda bari bitabiriye igikorwa co kwibuka abahitanywe mwi honyabwoko ryabaye mu 1994, bavuze ico kwibuka bisigura kuri bo.

Ni gute wosaba ingurane inyuma yo gukora ubushakashatsi bwawe
Reta ya Australia iriko iriga ukuntu yo kworosha amategeko ajanye no gusaba ingurane kugira ngo ivy’ubutunzi mu gihugu bishobore kwiyongera. Ngo ariko hazobanza kwisunga ibisabwa kuwugurana kugira ngo barabe yuko yujuje ibisabwa, abahinga bakaba bagira inama abantu yuko ubu ariho abantu bakiwye gushishoza muvyo gusaba ingurane kurusha uko bavyigeze.

Kwibuka ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda ku ncuro ya 27, amatariki co kimwe n'abishwe ntivyemeranywa kumwe
Ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda ryahitanye, abasaga umuriyoni. Bamwe bati hishwe abatutsi gusa, abandi bati n'abahutu barishwe. Ikirenzeko, amatariki ubwo bwicanyi bwabereyeko ntiyemeranywa na bose.

Guhimbaza pasika mu bihe vya COVID-19 bisigura iki?
Mu gihe COVID-19 isa niyiriko iragabanuka, mbega abakristu biteguriye guhimbaza gute pasika mu gihe bamwe bagitegetswe ku kuguma mu rugo? David Runezerwa yabisiguriye SBS Kirundi.

Ni gute wosubira mu kazi kawe, wirinze COVID-19
Ubushakashatsi bwerekana yuko abanye Australia babiri kuri batanu bafise amakenga kubijanye n’isuku aho basanzwe bakorera aho ni mugihe ica kane bahagaritswe umutima n’imyanda itaboneka ku jisho kuvaho ikiza ca coronavirus gitanguriye. Mu gihe abakozi benshi bariko barasubira mu bibanza basanzwe bakoreramo, woba uhagaritswe umutima no gukoresha uburyo rusangi bwo kwiyunguruza kandi ukaguma mu band

Gutahura amabi akoregwa mu ngo z'abanya Afrika n'icokorwa
Bimwe mu bibera mu miryango yabanya Afrika ngo akenshi usanga batanamenya yuko ari ihohoterwa gushika mu gihe bahuye n'uwubajijura canke uwabiciyemo akababwira. Ubushashakashstsi bwerekana yuko benshi muba nya Afrika bataratahura iryo hohoterwa ritandukanye. Ikigo ca Kaminuza Western Sydney University hamwe na n'ishirahamwe GLAPD vyaraye bishize ahabona ubwo bushakashatsi.

Inyuma y'urupfu rwa John Pombe Magufuli ngo impunzi zishobora kwitabwaho kurusha
Abarundi barashikiriza agahinda bafise k'urupfu rw'uwuwahoze arongoye Tanzania, ariko abandi nabo ngo impuzi zizoroherwa. Umviriza uko umuhinga mu vya politique David NIYONSABA asigua











